Ni gute abana batera imbere mu rurimi?
Abana baravugana kuva bakikuva kandi bavuka bafise ububasha bw’ururimi.
Abana bose batera imbere bafise ukwihuta bisangije, kandi hariho gutandukana mu bijanye n’ugutera imbere kwabo mu rurimi.
Iterambere ry’ururimi mubana rija mu ngiro mu bice bitandukanye kandi no gukorana n’abandi.
Amezi 0-6
Abana batangura kuvuga ubureve kuva bakiri inzoya. Barabana mu maso, bakamenya kandi bakishura amajwi, bakavuga amajwi kandi bagakoresha ibimenyetso vyo mw’isura.
Amezi 6-12
Umwana avuga ubureve kandi aratahura amajambo asanzwe n’ibimenyetso. Muri iki gihe, abana baramenya amazina yabo. Barakoresha cane ibimenyetso vy’umubiri hamwe n’amajambo asanzwe mu kwerekana ivyo bashaka.
Imyaka 1-2
Kuva ku myaka 1-2 y’amavuko, barashobora kuvuga amajambo asanzwe n ‘amungane mato. Abana bagira ugutahura amategeko n’ibibazo bisanzwe.
Imyaka 2-3
Abana bariga ayandi majambo kandi bakagira amungane maremare kurusha. Uko gutahura ururimi kw’abo kwiyongera, barakunda kubaza ibibazo kandi bagatera inkuru zisanzwe. Barakoresha cane kurusha ururimi mu bijanye n’ikibano no mu mubano w’abo n’abandi. Ibi birimwo amajambo, ibikorwa, ibimenyetso vy’isura n’urugero rw’ijwi.
Imyaka 3-4
Umwana abandanya yiga amajambo mashasha kandi akagira amungane ahanitse kurusha. Ukuntu bavuga biba binononsoye kurusha. Barashobora kukubwira ku vyerekeye ibintu bishobora kuba mukanya, kandi n’ibintu vyabaye mu kanya gaheze.
Shira imbarutso mw’iterambere ry’ururimi ry’umwana wawe
Kuraba mu maso, kuvugana hamwe n’umutekano ni ntangere kugira umwana wawe ashobore kugira iterambere rwikwiriye ry’ururimi. Iyo abana bumva ko batekanye, barirekura kurusha mu kumenya ururimi n’uburyo bwo kuvugana.
Ibuka ko abana badatanga ibimenyetso vyumvikana. Ba maso kugira umenye igihe umwana ariko aragerageza kukuvugisha.
Abana barashobora kwiga indimi nyinshi inca rimwe, rero koresha cane ururimi rwawe kavukire. Vugisha umwana wawe mu rurimi uzi neza gusumvya. Ibi biha umwana wawe ubumenyi bufadika mu rurimi kandi bikamufasha kuhuza amajambo n’ibigumbagumba n’ivyo yabonye.
Urashobora gushigikira no kugira uruhara mw’iterambere ry’ururimi ry’umwana wawe
- Koresha ibintu bibaho iminsi yose mu gukina no kwinezereza hamwe n’ururimi.
- Tangura kumusomera ibitabu akiri muto, hitamwo ibitabu birimwo amasanamu ajanye n’imyaka y’umwana wawe, kandi udome urutoki ku masanamu uriko uravugako.
- Panga ibihe vyo gukinana n’abandi bana kugira uduze ubumenyi bw’ururimi n’umubano.
- Ba maso ku mwana wawe kandi ushire kure terefone yawe n’utwumvirizo two mu matwi.
Utwo womenya mu kuvugana
- Umviriza kandi wigane amajwi y’umwana wawe kuva umwana wawe akivuka.
- Ha umwana wawe umwanya wokwishura mu majwi no ku mubiri.
- Shira mu majambo uko wumva umwana wawe avuga n’ukuntu yiyumva.
- Shira mu majambo ico umwana wawe ariko araraba n’ivyo muriko murakorana.
- Vuga mu buryo butahuritse ivyo umwana wawe avuze. Akarorero, iyo umwana wawe avuze ngo “imbwa,” urashobora kuvuga ngo “Ego, ni ikibwa kinini kiriko kirakuga”
- Koresha isubiramwo, injana, no kuririmba kugira ururimi ruryohe kurusha runorohe no kwibuka.
Saba gufashwa mu gihe ufise impungenge
Nimba ufise impingenge ku bijanye n’iterambere mu gukura kw’umwana wawe, hamagara ivuriro canke ishuri ry’ibinyoni. Barafise ubumenyi ku bijanye n’iterambere ry’ururimi mu bana. Baravye kandi bagasuzuma, barashobora kuguhanura ku rurimi rw’umwana wawe kandi bakanakurungika ku yandi ma serevise ashigikira.